Muri Meta, twariyemeje guha abantu ijambo no gukingira umutekano wabo.

Kuva muri 2016, twarakoresheje ubuhinga bwitwa "gukurako, kugabanya, kumenyesha" mu gutunganya amakuru mu buhinga bwa Meta.
Ibi bisigura yuko dukurako amakuru mabi aciye kubiri n'amategeko, tugabanya ikwiragira ry'amakuru ateye ikibazo naho adahonyanga amategeko ngenderwako yacu, kandi tukamenyesha abantu icatumye ivyo bintu biba kugira ngo bashobore gufata ingingo y'ikintu bipfuza gufyondako, gusoma canke gusangiza abandi.
Kugira ngo dukoreshe uyu mukenyuro, turafise amategeko yerekana ivyemewe n'ibitemewe kuri ubu buhinga bwacu. Imigwi yacu ikorera hamwe mu gushiraho amategeko ngenderwako no kuyashira mu ngiro. Ng'uku uko bigenda.

1

Turafadikanya n'abahinga mpuzamakungu banonosoye ivy'ubuhinga, umutekano rusangi hamwe n'agateka ka zinamuntu mu gushiraho no kujanisha n'igihe amategeko yacu.

2

Turashiraho udukoresho dukingira umutekano, kugira ngo abantu bashobore kuvuga ikitagenda neza no kuzibira, kunyegeza canke guhagarika gukurikirana amakonte.

3

Dutuma amabwirizwa yacu yubahirizwa mu gukoresha ubuhinga bwacu hamwe no kwihweza gukorwa n'abantu.
Turakingira umutekano w'abantu kandi tukabatera intege zo kutubaza ivyo tujejwe mu kubasangiza amategeko yacu hamwe n'ivyegeranyo vyerekeye uburyo bwo gutuma abantu bubahiriza amategeko n'ugukorera mu muco.
policy-image
Amategeko yacu
Amategeko yacu asigura neza ivyemewe n'ibitemewe ku buhinga bwa Meta. Iyo amakuru ahonyanga amategeko yacu, duca tuyafatira ingingo.
enforcement-image
Uko dutuma abantu bubahiriza amategeko
Dukoresha imigwi y'abahinga hamwe no kwihweza kugira tumenye, twihweze ndetse dufate n'ingingo kuma miliyoni y'uduce tw'amakuru buri musi kuri Facebook na Instagram.
transparency-reports-image
Ivyegeranyo vyacu vyerekeye gukorera mu muco
Turasohora kenshi ivyegeranyo vyerekeye gukorera mu muco kugira ngo twereke abantu ingene dutuma abantu bubahiriza amategeko yacu.
ranking-image
Uburyo dukoresha mu gusigura ingene ibintu bitondekwa
Ubuhinga bw'ubwengemuntu (AI) burerekana ukungene amakuru atondekwa mw'ikoreshwa ry'imbuga zitandukanye za Meta, nk'ukubona Urukurikirane rw'Amakuru kuri Facebook, kuraba utureresi kuri Instagram canke kuraba ibiri kw'Isoko rya Facebook
Ibiheruka gushirwa ku gihe